Przeskocz do treści

Igisabisho

IGISABISHO CO GUSABA INEMA Y’UKO PATIRI ANSELME GĄDEK
YOSHIRWA MU GITIGIRI C’ABAHIMBAZWA

Mukama, wewe washatse ko Patiri Anselme aba akarorero k’ubweranda bushingiye ku Nkuru Nziza kandi akadushikiriza inyigisho k’ubumana bw’Umwana wawe yigize umwana ngo natwe tube abana muri We, umviriza igisabisho canje kugira ngo nsabiwe n’uwo musavyi wawe ndonke inema ........., ngusaba ubudahengeshanya.

Mu mutima w’ubukengurutsi, nzoshimagiza ikigongwe cawe. Mana-Mwana Jezu, nuhe Patiri Anselme, we yakwiragije ukuri k’ubwana bwawe kandi akakwereka urukundo mu buzima bwiwe bwose, gushirwa mu gitigiri c’abahimbazwa bawe; n’abandanye kudukomeza mu kwemera kandi azodushikane twese mu bweranda no mu bukiriro bwamaho. Wewe ugaba vyose mu myaka n’imyaka. Amen.

Dawe wa twese..., Mwaramutse Mariya…, Haninahazwe…

 

Imprimatur: Abp Władysław Ziółek

Łódź, 10.01.2002 r. L.dz. 61/2002


Vyemejwe na: +Bonaventure  Nahimana
Umwungere wa Diyoseze Rutana, 29.04.2013.
Muronse ingabirano ku bw’iki gisabisho, musabwe kubimenyesha Ababikira b’Abakarumerita b’Umwana Yezu
Carmélites de l`Enfant Jésus
Gitega Burundi, Afrique Centrale
tel: (00257) 22 403 757; e-mail: bethleemgitega@yahoo.fr